Burundi:Umukuru wa OLUCOME yugarijwe na polisi

Image caption Umukuru wa OLUCOME Gabriel Rufyiri, mu myiyerekano ya we nyene

Bwana Gabriel Rufyiri, yahagaritswe agitangura urugendo, avuga ko rwari rufise intumbero yo kuvunira akagohe leta ngo ikurikirane abo bose basesagura canke basahura ubutunzi bw'igihugu.

Ivyo asaba vyari ku vyandiko bitatse impuzu yari yambaye, n'igitambara yagenda yerekana, ndetse no ku nzandiko yakwiragije mu banyamakuru bamusanze muri iryo barabara.

Mu vyandiko vyaboneka mu rurimi rw'igifaransa harimwo ibibazo nk'ibi:

"Ubutunzi ufise wabukuye he? Amafaranga wubakishije amazu yawe wayakuye he? Ni kuki abarya ruswa bafise inguvu zirengeye iza leta? Kuki udahengeshanya guhonyanga uburenganzira bwanje?" N'ibindi ...

Inyuma yo gufatirwa mu nzira aho yariko yerekeza ku nyubakwa zirimwo ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati n'ubwo ubutungane, bwana Rufyiri yashizwe ku modokari y' igipolisi, ajanwa muhira iwe.

Gabriel Rufyiri avuga ko yari afise intumbero yo kuja ku kibanza kiri hafi y'ubwo bushikiranganji citiriwe " Revolution", aho yaziga kumara gatatu arara, kandi yisonzesheje.

Intumbero y'iyo myiyerekano yiwe ngo n'ukugira akebure leta, kugira irusheho gukurikirana abarya ruswa, iteko yubahirize uburengenzira bw'abanyagihugu.

Gushika inyuma y'umutaga, Gabriel Rufyiri yari yugarijwe imuhira iwe n'abapolisi, bamuhaye itegeko ko adasubira kuja hanze.