Indege z'Ubwongereza zatangiye kurwana muri Iraq

Indege z'Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Indege z'Ubwongereza

Indege z'igisirikare cy'Ubwongereza zatangiye kwogagira ikirere cya Iraq kuva aho ejo kuwa gatanu inama ishingama amategeko y'Ubwongereza yemereje ko haba ibitero by'indege ku mpirimbanyi zo mu mutwe wa Islamic State.

Umunyamakuru wa BBC yabonye indege 2 ziva mu kigo cya gisirikare cy'Ubwongereza kiri i Akrotiri muri Cyprus, zitwaye ibisasu na za misile.

Ubusanzwe indege z'Ubwongereza zigaba ibitero muri Iraq gusa, ariko umushikiranganji wa mbere, David Cameron yagaragaje ko biteguye no kuzafasha bagenzi babo mu bitero byo muri Syria.