Syria: Amerika yagabye ibitero bigera kw'icumi

Ibitero by'Amerika muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu b
Image caption Ibitero by'Amerika muri Syria

Amerika iravuga ko yagabye ibitero by'indege bigera kw'icumi ku mpirimbanyi za Islamic State muri Syria no muri Iraq.

Ubushikiranganji bw'ingabo z'Amerika bwavuze ko izo ndege zidatwarwa n'umudereva zari ziherekejwe n'indege z'intambara zo mu bihugu bya Arabia Saudite, Jordan na Emirate Arab Unies.

Ngo zagabye ibitero ahantu 7 muri Syria na 3 muri Iraq.

Umunyamakuru wa BBC uri hafi y'umujyi wa Kobane hafi y'umupaka wa Turukiya yavuze ko yumvishe ibintu biturika kare mu gitondo cyo kuwa 6.

Umutwe wa Nusra Front ukorana na Al-Qaeda wamaganye ibyo bitero, uvuga ko ari intambara irwanya idini rya Islam kandi ko bazihorera ku bihugu by'uburayi n'amerika hamwe n'ibihugu by'abarabu birikumwe nabo.