Imyiyerekano muri Hong Kong

Hong Kong Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abari mu myiyerekano bagandagaje mu mabarabara

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barabandanya imyiyerekano muri Hong Kong n'umwo umuyobozi mukuru w'intara yongeye kubasaba kuyihagarika.

Abitavye imyiyerekano bashaka demokrasiubu bagandagaje muri quartier nkuru y'ubucuruzi n'utundi turere basavye Leung gutanga imihoho. Mw'ijambo yashikirije kuri television, yababwiye ko ubutegetsi bw'Ubushinwa butazoreka guhitamwo abazokwitoza mu matora yimirije muri iryo zinga.

Ubushinwa buguma bugerageza kuyungurura ibica ku mbuga nkoranyambaga mu guhagarika ubuhinga bwo guhanahana amafoto Instagram mu Bushinwa. Ariko abatunganije iyo myiyertekano bizigiye ko ibintu bikomera kuruta kuri uyu wa gatatu usanzwe ari umunsi w'akaruhuko mu Bushinwa.

Abiyerekana- barimwo abanyeshure n'abandi bo mu muhari witwa Occupy Central ushaka demokrasi - bashavujwe n'uko leta y'Ubushinwa ifise imigambi yo kwemeza abakwiye kwitoza mu matora yo murio Hong Kong azoba mu 2017.

Bashaka kwihitaramwo bonyene abazokwitoza ni hagera gutora umukuru wabo, ikintu Ubushinwa buvuga ko kidahoboka.

Ku wa Mungu vyarashushe cane hagati y'abiyerekana n'abapolisi, abaharugwa muri mirongo barafastwa mu mabarabara hagati mu gisagara.