Impfuvyi za Ebola zishobora kubura gifasha

Liberia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Liberia nico gisinzikajwe cane na Ebola aho hamaze gupfa 1830

Abana nibura 3.700 muri Guinee, Liberia na Sierra Leone babuze abavyeyi babo kubera Ebola ONU ivuga ko bashobora kubura uwubitaho

Ishami rya ONU riraba abana Unicef rivuga ko hakenewe vyihutirwa aboja aboja kurera abo bana.

Unicef ivuga ko inyifato isanzwe yo guhoza umwana arwaye ubu yahinduwe ''urubanza rwo gupfa''

Ishami rya ONU riraba amagara y'abantu OMS rivuga ko abantu barenga ibihumbi bitatu bamaze guhitanwa na Ebola muri Africa y'Uburengero-urwo rugero rukaba arirwo rwa mbere runini kuva iyo ndwara itanguye kumenyekana mu 1976.

Ico gitigiri c'abana babaye inpfuvyi kubera Ebola gisohotse inyuma y'intumwa za UNICEF zari zimaze indwi zibiri ziriko ziraraba ingene ibintu vyifashe mu bihugu bitatu bisinzikajwe cane ne Ebola. Ubwa mbere vyari vyavuzwe ko abantu 4.900 babuze abavyeyi ariko ubu igitigiri c'ukuri ni 3.700.

Muri abo harimwo abana batarashikana n'imyaka itatu canke.

Abana ubasanga mu bitaro aho abavyeyi babo bapfiriye canke mu kibano aho bagize amahirwe usanga bariko baragabarirwa n'ababanyi -ariko ugasanga nta kindi na kimwe bashobora gufashwa.