Kenya:ubutunzi bunini kuruta uko vyibazwa

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGES
Image caption Igisata co kwubaka muri Kenya cinjiza amafaranga menshi

Ubutunzi bwa Kenya bushobora kuba bwiyongeye gushika ku 25%, urugero rureneze kure uko vyari vyaharuwe mbere kubnera ubu hahinduwe uburyo bwo guharura ingene bugana.

Uko guharura gushasha kuzotma Kenya ifatwa n'abahinga mu butunzi na banki y'isi yose nk'igihugu kiri hagati na hagati mu vy'ubutunzi aho gufatwa nk'igihugu c'umwimbu uri hasi.

Vyatumye urugero bw'ubutunzi bwa Kenya mu 2013 rwaharuwe kuba rwashitse kuri 5.3%, imbere hakaba rukaba rwari rwaharuwe kuri 4.7%.

Ibitigiri bishasha u vyerekana ko ubutunzi bwa Kernya buri hejuru ibice 20 kw'ijana, bukaba ubwa kane muri Afrika yo musi ya Sahara inyuma ya Nigeria, Afrika yepfo na Angola. Ariko uravye ubukene buhari hamwe n'ubushomeri, abantu benshi muri Kenya ntibibaza ko ivyo biharuro ari vyo.

Abahinga bavuga ko kwerekana ko umwimbu ari munini kuruta uko vyibazwa bidasigura kw'abanyagihugu bafise amahera, ahubwo ko bigiye gukwega kurusha abanyamitahe.

Ingaruka nuko kenya igiye kuva ku rutonde rw'ibihugu bironka amadeni y'inyungu nto ibigo mpuzamakungu biha ibihugu bifise umwimbu muto ngo vyiteze imbere ningoga.

Abahinga bo basanga vyofuma bimer'uko. Ibihugu vyinshi vya Afrika bimaze igihe biriko birasubiramwo guharura urugero rw'ubutunzi bwavyo , ingendo ishobora gutuma ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD isanga ubutunzi bwa Africa buruta ica gatatu uko vyibaza gushika ubu.