Leonce Ngendakumana aciriwe gupfungwa umwaka

Leonce Ngendakumana Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Leonce Ngendakumana(i buryo) ari kumwe n'umushingwamanza wiwe Francois Nyamoya muri sentare

Umukuru w'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na leta mu Burundi ADC Ikibiri yaciriwe igihano co gupfungwa umwaka mu rubanza avuga ko ari urwa politike.

Leonce Ngendakumana sanzwe ari n'umukuru w'umuhgambwe Sahwanya Frodebu yavuze ko ubutegetsi buriko burarondera kumunumya mu gihe buca himirije amatora mu mwaka uza.

Leonce Ngendakumana yagirijwe gutyoza no gukwiza urwanko rufatiye ku moko inyuma y'ikete yandikiye mu kwezi kwa kabiri umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon.

Iryo kete yanditse kw'izina rya ADC Ikibiri, Leonce Ngendakumana yagabisha ONU ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko kubera urwaruka rw'umugambwe uru ku butegetsi CNDD FDD ruhabwa ibigwanisho nayo iradiyo television yegereye uwo mugambwe Rema FM akayagiriza kwitwara nka RTLM mu Rwanda imbere y'uko ibara rigwa mu 1994.

CNDD FDD na Rema FM ni nabo bari bamwitwariye.

Uwamwunganira mu mu kuburana Francois Nyamoya yavuze ko ata ca mutangaje ''kuko rwari urubanza rwa politike'' ariko yavuze ko azokwunguruza.

Leonce Ngendakumana agiye mu murongo w'abandi benshi mu barongoye imigambwe itavuga rumwe n'uwri ku butegetsi bakrukiranwa n'ubutugane canke bahunze igihugu bavuga ko ari ukubera itoteza bakorerwa n'ubutegetsi.