Hong Kong:abari mu myiyerekano basibije ibiganiro

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Habaye imishamirano hagati y'abari mu myiyerekano n'abayigwanya bashigikiye leta y'Ubushinwa

Abarongoye abanyeshure bari mu myiyerekano yo gusaba demokrasi muri Hong Kong basibije ibiganiro na leta nyuma y'aho habereye imishamirano n'abashaka imyiyerekano.

Uwo mugwi wavuze ko leta yananiwe no kubakingira.

Umukuru wa Hong Kong CY Leung yemeye ivyo biganiro n'icegera ciwe kuri uyu wa kane ariko yanka akamo ko gutanga imihoho.

Ariko kuri uyu wa kane habaye imishamirano ubwo abarambiwe n'uko imyiyuerekano yahagaritse ubuzima bagerageje gusambura amahema.

Ishirahamwe ry'abanyeshure ryagirije leta ko yabarekuriyeko abaza kubahungabanya gutyo iba irishe ibiganiro.

Abarongoye imyiyerekano irondera demokrasi muri Hong Kong bari bagabishije ko bashobora guhagarika ibiganiro na leta inyuma y'aho habereye imishamirano n'abashigikiye Ubushinwa.

Imbere y'aho ariko bari bemeye ivyo biganiro.

Mu karere k'ubucuruzi ka Mong Kok , abagwnaya abari mu myiyerekano basambuye amahema.

Ababa aho barababajwe n'ukubona ibintu vyahagaze.

Igipolisi cagerageje gutandukanya iyo migwi idahuza.

habaye imishamirano nk'iyo muri Causeway mw'izinga rya Hong Kong aho abahaba bagerageje gukuraho ivyo abari mu myiyetrekano bari bazibije amabarabara.

Umukuru wa Hong Kong CY Leung yemeye ivyo biganiro n'icegera ciwe kuri uyu wa kane ariko yanka akamo ko gutanga imihoho.

Ikinyamakuru gikomeye co mu Bushinwa canditse ko iyo myiyerekano ata na kimwe ishobora gushikako.

N'ubwo ibitigiri vy'abari mu mabarabara vyagabanutse cane kuri uyu wa gatanu, haracari imigwi iri mu mabarabara.

habaye imishamirano ubwo abapolisi bariko barabuza abari mu myiyerekano kwegera inyubakwa za leta.

Umuvugizi w'igipolisi yaneguye cane abari mmu myiyerekano ku nyifato yo kwugara amabarabara avuga ko bitagira bitumvikana kandi bidakenewe kuko bibuza abapolisi gushika aho biba bikenewe vyihutirwa.

Ku wa kane umukuru wa Hong Kong C Y Leung yameye ibiganiro n'abaserukira abanyeshure bari mu myiyerekano inyuma y'iminsi itanu abantu bagandagaje mu mabarabara basaba demokrasi.

Yabivuze hasigaye umwanya muto ngo harangire ikiringo co gushika sasita z'ijoro abari mu myiyerekano bavuze ko kirangiye bazoca bigarurira amazu ya leta hamwe atotanga imihoho.

Leung yavuze ko ataho azoja aca agabisha abari mu myiyerekano ko kwifatira amazu ya leta bishobora kugira ingaruka mbi cane.

Ariko yavuze kmo yemeye ivyasabwe n'abanyeshure ko hoba ibiganiro aca amenyesha ko aja gutuma icegera ciwe ngo bavugane amakenga ajanye n'ubwirizwa nshingiro.

Kare ibinyamakuru vyo mu Bushinwa vyashigikiye cane umukuru wa Hong Kong CY Leung bimutera amashurwe ku vyo yaranguye mu gihe bivuga ko imyiyerekano ari akajagari.

Ukwo gushigikirwa n'ikinyamakuru c'umugambwe w'aba communistes People's Daily gushitse mu gihe abanyeshure bagabishije ko bashora kwigarurira inyubakwa za leta hamwe Leung atotanga imihoho.

Igipolisi na leta vyasubiye gutera akamo abari mu myiyerekano ngo batahe.

Abitavye iyo myiyerekano bashavujwe n'uko Ubushinwa bufise umugambi wo kuzohitamwo abazokwitoza mu 2017 bavuga ko bakeneye demokrasi yuzuye.

Ku wa gatatu ministre wa mbere w'Ubushinwa Wang Yi nawe yagabishije avuga ko iyo myiyerekano itemewe n'amategeko abwira amakungu kutavyisukamwo.