Video yerekanye ko umukuru wa Boko Haram akiriho

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru wa Boko Haram avuga ko sharia ikurikizwa mu bice igenzura

Hari video yagiye ahagaragara yerekana uvugwa ko ariwe mukuru w'umuhari w'intagimdwa za ki Islam muri Nigeria Boko Haram abeshuza ivyashikirijwe n'igisirikare ko yapfuye.

Muri iyo video, Abubakar Shekau avuga ko abagwanyi biwe barashe bagakorora indege yabuzwe irengero haraheze indwi zitatu.

Mu ndwi iheze, igisirikare cari cavuze ko umugabo ahora yifotoza muri za video avuga ko ariwe mukuru wa Boko Haram yishwe hanyuma mu kwa munani 2013 gica cemeza ko Shekau yapfuye.

Abahinga mu vy'umutekano bari bagize amakenga ko vyashikirizw ana gisirikare.

Umunyamakuru wo muri Nigeria Ahmad Salkida asanzwe avugana n'abo muri Boko Haram yanaidtse kun rubuga rwiwe rwa Twitter ko yemeza atihenda ko Shekau ari muzima.

Ntibiramenyekana ryari canke he iyo video, yabonywe na n'itororokanirizo ry'amakuru AFP yoba yarafatiwe. Ariko umukuru w'igisata ca BBC c'ururimi rw'igi Hausa Mansur Liman avuga ko uwo mugabo avuga muri iyo video asa na Abubakar Shekau asanzwe ahora aboneka mu zindi video za Boko Haram