5 kw'isaha barandura Ebola muri Sierra Leone

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igitiri c'abarwaye kirenze kure uburyo bwo kubitaho

Rimwe mu mashirahamwe y'abagiraneza ryamenyesheje ko urugero rwo kwandura Ebola rugeze ku bantu batanu bari saha muri Sierra Leone, bivuze ibitigiri vy'abakeneye kwitabwaho ataho bihuriye n'uburyo buhari.

Save the Children yavuze ko abantu 765 ari bo vyamenyekanye ko banduye Ebola muri ico gihugu ku ndwi iheze mu gihe hari ibitanda 327 mu gihugu cose.

Abahinga n'abanyepolitike bakoraniye munama Bwomgereza ngo bige inyishu amakungu yoha ico kibazo.

Ministre w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Philip Hammond yavuze ko hanewe kwongerwa imfashanyo co kimwe n'aganga n'abaforoma. Uwujejwe igisata co kurwanya Ebola muri ONU Anthony Banbury yavuze ko ubu iyo ndwara yashitse mu ntara zose za Liberia.

Ariko umukuru w'ico gihugu Elen Johnson-Sirleaf yavuze ko kugabisha ko hari abandi abantu ibihumbi n'ibihumbi bagiye kuzokwandura atari vyo namba.

Medecins sans Frontieres y o ivuga ko ibitanda bigaragara ahasanzwe havurirwa Ebola kuko ambulances adashikana abarwayi.

Nico kiza ca mbere gikomeye c'iyo ndwara kuva yamenyekana, ubu ikaba imaze guhitana abantu 3.338.

Abazwi ko banduye ni 7.178 mu bihugu bitatu bisinzikaye cane arivyo Sierra Leone, Liberia na Guinee.

Save the Children ivuga ko Ebola iriko irakwiragira muri Sierra Leone ku rugero ruteye ubwoba mu gihe igitigiri gishasha c'abandura cama cigwiza na kabiri mu ndwi nke gusa.

Iryo shirahamwe rivuga ko n'iyo abategetsi bashoboye guhagarika iyo ndwara mu karere kamwe basanga yamaze kurandagata mu kandi.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko urugero rw'akaga k'iyo ndwara rwose rutamenyekana kuko hari abana benshi batavugwa bagwa iwabo canke mu mabarabara.