Igitero cy'abantu batazwi i Bubanza mu Burundi

Igitero cyabereye hafi y'umupaka w'u Burundi na Kongo
Image caption Igitero cyabereye hafi y'umupaka w'u Burundi na Kongo

Igisirikare cy'u Burundi kiravuga ko ejo nijoro hari abantu bitwaje ibirwanisho barashe ku birindiro by'igisirikare cy'u Burundi.

Ibyo birindiro biri kw'ibarabara rya 3 rigana muri Rusizi, i Gihanga mu ntara ya Bubanza ihana urubibi na Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo.

Umuvugizi w'igisirikare cy'u Burundi, Colonel Gaspard Baratuza, yabwiye BBC ko nta muntu cyatakaje.

Ngo ariko hari umuntu umwe muri abo bitwaje ibirwanisho wapfuye igihe igisirikare cy'u Burundi kivunaga.

Abajijwe nimba abo bateye ari aba FNL, Col Baratuza yavuze ko kiretse umwe gusa yaba yivuze, ngo nta bandi bavuze abo aribo.