Umugwi CEPI uridogerwa mu Burundi

Abatavuga rume na leta mu Burundi bavuga ko umugwi CEPI ugwizwe ahanini n'abo muri CNDD FDD
Image caption Abatavuga rume na leta mu Burundi bavuga ko umugwi CEPI ugwizwe ahanini n'abo muri CNDD FDD

Imigambwe itavuga rumwe na leta y'u Burundi hamwe n'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike biridogera umugwi ujejwe amatora ku rwego rw'intara, CEPI.

Uwo mugwi uheruka kugenwa n'umugwi w'igihugu utegura amatora, CENI.

Iyo migambwe n'ayo mashirahamwe yigenga bivuga ko hatakurikijwe amategeko mw'ishirwako ry'uwo mugwi.

Ngo abarenga 90% mu bawugize baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD.

Mu mugwi w'igihugu wigenga utegura amatora, CENI, ivyo bavyamirira kure bakavuga ko hisunzwe ibwirizwa nshingiro ry'u Burundi.

Ngo abavuga ivyo ahubwo ni abarondera inyungu zabo.