Abahunze Boko Haram baguye mu nkambi

Abahunze abarwanyi nk'aba ba Boko Haram, baguye mu nkambi muri Cameroun Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abahunze abarwanyi nk'aba ba Boko Haram, baguye mu nkambi muri Cameroun

Amakuru ava muri Cameroun avuga ko nyinshi mu mpunzi zahunze Boko Haram mu buraruko bwa Nigeria, zapfiriye mu nkambi.

Bamwe mu batuye muri iyo nkambi iri mu muji wa Fotokol hafi y'urubibe na Nigeria, bavuze ko ubuzimwa bwari bubi cane muri iyo nkambi ku buryo abana bariko barahitanwa na marariya.

Abandi bavuze ko ivyo kurya vyari bike cane ku buryo bategerezwa kwiba mu mirima y'abanyagihugu iri hafi y'inkambi.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko habaye ugukorana guke hagati ya Nigeria na Cameroun mu gutorera umuti ikibazo c'abarwanyi ba ki Islam, naho abakuru b'ivyo bihugu bari bemeye gukora ibishoboka vyose.