Agashimwe Nobel mu buvuzi kahawe 3

Edvard Moser, John O'Keefe na May-Britt Moser, basangiye agashimwe Nobel mu buvuzi
Image caption Edvard Moser, John O'Keefe na May-Britt Moser, basangiye agashimwe Nobel mu buvuzi

Agashimwe kitiriwe Nobel mu gisata c'ubuvuzi k'uno mwaka kahawe abahinga batatu bagira ubushakashatsi ku bwonko bw'ikiremwa muntu.

John O'Keefe, May-Britt Moser na Edvard Moser, bashoboye kumenya uturemangingo tugize igice kigena ibibanza vyo mu bwonko.

Umugwi utanga ako gashimwe uvuga ko igikorwa c'abo bahinga mu bumenyi cafashije gusigura ukuntu ubwonko butahura ibidukikije, hamwe n'ukuntu umuntu ashobora kwiyunguruza ahantu hagoye.

John O'Keefe n'umushakashatsi afise ubwenegihugu bwa Amerika n'Ubwongereza, mu gihe May-Britt na Edvard Moser bamuka muri Norvege kandi kababa bubakanye.