Ntashaka kwitwa umuhungu canke umukobwa

Audrey Mbugua ntashaka kwitwa umuhungu canke umukobwa
Image caption Audrey Mbugua ntashaka kwitwa umuhungu canke umukobwa

Muri Kenya umuntu yavutse ari umuhungu yatsinze urubanza rw'akataraboneka, aho yasaba ko izina ryiwe rigirwa iry'umukobwa.

Sentare nkuru muri Kenya yategetse ikigo c'igihugu gitanga ibizamini vyo guheza amashure yisumbuye, guhindura izina rya Andrew Mbugua ku rupapiro rwiwe rw'umutsindo rikaba Audrey Mbugua, kandi bigakorwa mu minsi 45.

Sentare kandi yategetse ko kuri urwo rupapuro hatagomba kwandikwako igitsina ciwe ico arico.

Audrey Mbugua nk'uko ashima kwitwa, agararagara nk'umukobwa ariko afise ibihimba vy'irondoka vy'umuhungu.

Avuga ko adashaka kwitwa umuhungu canke umukobwa ngo ahubwo afatwe nk'umuntu gusa.

Mu bisanzwe Audrey Mbugua ni uwo bita transgender mu Congereza, n'ukuvuga umuntu atiyita umungu canke umukobwa, vyovugwa ko ari hagati na hagati.

Audrey yabariye BBC ko akiri umwana yahuye n'amakuba atoroshe, aho yategerezwa kubaho nk'umuhungu kandi yumva atarico ari.

Ngo ariko ubu anezerejwe n'uko amategeko amwemereye guhitamwe kuba hagati na hagati.