Ebola iteje ibibazo muri Espagne

Umuforimakazi w'i Madrid niwe muntu wambere yanduriye Ebola hanze y'uburengero bwa Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuforimakazi w'i Madrid niwe muntu wambere yanduriye Ebola hanze y'uburengero bwa Afrika

Umugwi uyobora ishirahamwe rya Buraya wasavye igihugu ca Espagne gutanga insiguro y'ukuntu umuforomakazi w'i Madrid yanduye ebola.

Uwo muforomakazi niwe muntu wa mbere yanduriye ebola hanze y'uburengero bwa Afrika.

Ariko aravurirwa mu bwiherero, akaba yari mu mugwi w'abaganga bavuye uwihebeye Imana w'umunye Espagne yahitanywe na ebola amaze gutahukanwa.

Abajejwe amagara muri Espagne bavuga ko bariko baramuvura bakoresheje abasoda b'umubiri bakuwe mu bandi barwayi ba ebola.

Aho nyene muri Espagne, abandi bantu batatu bariko baragirwako ibipimo mugihe bakekwa kuba nabo baranduye; bakaba barimwo umugabo w'uwo muforomakazi.