Ebola iracagisibije muri Sierra Leone

MSF ivuga ko Sierra Leone igikeneye abaganga benshi bo gufasha Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption MSF ivuga ko Sierra Leone igikeneye abaganga benshi bo gufasha

Umukuru w'ishirahamwe ry'abagiraneza, MSF, muri Sierra Leone avuga ko ikiza ca ebola muri ico gihugu kigiteje ibibazo bikomeye.

Christina Falcone yavuze ko guhangana n'ico kiza vyagenze buhoro cane, asaba Ubwongereza hamwe n'ibindi bihugu bikize gukora ibishoboka ngo babuze uwo mugera gukwirakwira hose.

Umupfasoni Falcone yabwiye BBC ko Sierra Leone ikeneye abafasha benshi muri ico gihugu, uburyo bwo kwiyunguruza, ibikoresho vyiza hamwe n'ibindi bitanda.

Hafi y'abantu ibihumbi bitata uyu mugera wadutse ubu umaze guhitana, ni abo muri Sierra Leone hamwe n'ibihugu bibanyi vya Liberia na Guinee.