Igiciro gito mu guhamara muri EAC

Guhamagara hagati muri East African Community bigiye kuzimbuka
Image caption Guhamagara hagati muri East African Community bigiye kuzimbuka

Amwe mu mashirahamwe ya telefone ngendanwa yo muri Afrika y'ubuseruko yumvikanye kugabanya igiciro co guhamara mu kindi gihugu co muri ako karere, gushika ku mirongo itandatu kw'ijana.

Kimwe muvyo iyo ngingo igamije, n'ukwongereza urudandaza hagati y'ibihugu bigize ishirahamwe rya East African Community.

Kenya n'u Rwanda biramaze kugabanya igiciro co guhamagara hagati y'ibihugu vyombi, Uganda nayo ikaba yitezwe gukurikira mu mpera za kuno kwezi.

Tanzania n'u Burundi, ibindi bihugu bibiri bigize iryo shirahamwe, ngo navyo bishaka kuja muri uwo mugambi.