ONU ivuga ko M23 yishe ikanafata ku nguvu abarenga 300

Benshi mu bahoze ari abarwanyi ba M23 bari mu nkambi muri Uganda no mu Rwanda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Benshi mu bahoze ari abarwanyi ba M23 bari mu nkambi muri Uganda no mu Rwanda

Umugwi wa ONU uri muri republika iharanira demokrasi ya Kongo, wasohoye icegeranyo aho urega abahoze ari abarwanyi ba M23 kwica abantu barenga 300 no gutafa ku nguvu.

Abashakashatsi ba ONU bavuga ko abarwanyi ba M23 bishe abantu bashika 116, basambanya ku nguvu abagore n'abakobwa 161 hagati y'ukwezi kwa kane 2012 n'ukwa cumi na rimwe 2013.

Abategetsi bo mu ntara banse gukorana na M23 hamwe n'abakiri bato banse kwinjira mu ngabo za M23, nibo batumberejwe cane.

Benshi mu bagore bafashwe ku nguvu bari abagore b'abasirikare.

Mu gihugu aho kudahana abahoze ari abarwanyi vyakunze kuba cane, ONU isaba leta gukora itohoza kuri ubwo bugizi bwa nabi abagirwa n'icaha bagashirwa imbere y'ubutungane.

Abahoze ari abarwanyi ba M23 barenga amajana abiri bahawe ikigongwe hakurikijwe itegeko ryo mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze, abandi benshi bakaba bakiri mu makambi mu Rwanda no muri Uganda.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption M23 yaneshejwe n'igisirikare ca Kongo gifashijwe na ONU

Nta n'umwe mu bahoze ari abakuru ba M23 arashirwa imbere y'ubutungane.

M23 yatsinzwe mu mpera z'umwaka uheze n'ingabo za leta ya Kongo zifashijwe n'abasirikare ba ONU.

Ivyegeranyo vyinshi vya ONU vyagaragaje ko M23 yahawe imfashanyo y'amahera n'abasirikare n'igihugu c'u Rwanda, ariko leta y'ico gihugu yamye ibihakana.