Wotandukanya ubwoya bw'impene n'umushatsi w'umuntu?

Imishatsi y'imiterano bagurisha mu Bushinwa yose si iy'abantu Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imishatsi y'imiterano bagurisha mu Bushinwa yose si iy'abantu

Mu Bushinwa, gutezako umushatsi, kwambara za peruque canke gusuka ni ibintu vyinjiza amahera menshi, ariko kenshi ababwirwa ko baguze umushatsi w'umuntu siko babisanga.

Mu kigwati gito co mu ntara ya Hunan, hagati mu Bushinwa, umugabo yambaye ikoti ryera hamwe n'ibutura ari ku gakinga mu mabarabara yuzuye akavumbi, aza arasemerera avuza inkengere.

Ndamuhagarika, ndamubaza ivyo ari vyo. Aca ambwira ati "Ndiko ntoza umushatsi. Iyo mvugije inkengere, abagore barasohoka nkabamwa umushatsi. Nkora imishatsi y'imiterano."

Ndamubaza amahera ariha abo bagore kuri uwo mushatsi wabo. Nawe ati "Ndabaha igiciro ciza, ariko mba nkeneye kwunguka", ivyo abimbwirana igitwengo.

Amabarabara y'uwo muhana yuzuye umushatsi uriko urumishwa ku zuba.

Umwe muri uwo mushatsi ni umushatsi koko w'abantu, ariko igitigiri c'impene zihayerera ata rwoya ruzisigayeko, gisigura ikindi kintu.

Amaze gutororokanya uwo mushatsi, aca awutwara kw'ihinguriro aho abagore cumi bawusukira hamwe ukaba umushatsi w'umuterano.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imishatsi bagura ku bagore yanikirwa ku zuba ivanze n'ibindi bigaragara ko atari imishatsi y'abantu

Ndabiravye, ndabona ko umushatsi usukwa ari uw'abantu, ariko kandi hari uwundi uboneka ko utari uw'abantu.

Uwo "mushatsi" aca awugurisha ku mahinguriro manini aho bawuhingura bakoresheje imiti imbere y'uko ujanwa mu maduka mu gihugu cose.

Navuye i Hunan nshaka kumenya aho uwo mushatsi werekeza, nca nja mu muji munini wa Guangzhou.

Uwo muji wahora witwa Canton, ukaba waramye ari umwe mu miji yo mu Bushinwa uberamwo urudandaza rwinshi kandi ikize.

Amahoteri manini manini hamwe n'ibiro nivyo bifukiriye ikirere, hafi y'uruzi runini kandi rusa n'ibiziba rwa Pearl.

Ubusongero bw'amagorofa bupfukiriwe n'ivyuka biboneka ko ari ibihumanya ikirere.

Munsi y'ico gisa n'igifungu, niho nahuriye na Lily, afise iduga rigurisha imishatsi y'imiterano hamwe n'iyo kwongereza uburebure bw'imishatsi, mu karere ka Guangzho kadandarizwamwo ibitanga ubwiza, kazwi kw'izina rya Sanyuanli.

Aha ushobora kuhagura ico ari co cose, kuva ku bikesha inzara gushika ku mavuta yo kwisiga mw'ijoro, uciye ku bitosha ikirenge.

Igice co munsi y'iryo soko ariko, cahariwe imishatsi, aho usanga ibisa n'abantu biteye ubwoba vyambitswe imishatsi na za peruque vy'amabara yose abaho.

Lili yicaye ku gatebe mw'iduka ryiwe, yihweza umushatsi baheruka kumuzanira akawushira mu migwi, akawutunganya.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imishatsi y'imiterano iba yashizwe ku bisa n'abantu (models) ngo yerekanwe

Uwo mushatsi ufatanijwe n'ivyandiko bivuga ibihugu waje uvamwo.

Ngaha, biragaragara ko umuntu ashobora kugura umushatsi uvuye muri Peru, mu Buhindi no muri Brezi.

Ariko muri iri soko, nta baguzi b'Abashinwa bahari - buri muguzi wese bisa nk'uko ava muri Afrika.

Hari abava muri Nigeria, Ghana, Afrika y'epfo, Angola na Uganda, barondera muri iryo soko risa neza abagurisha imishatsi ku giciro ciza.

Bambwira ko bashobora kwunguka inshuro zitatu ayo baba baranguje, batashe iwabo.

Nyuma y'umunsi w'akazi kenshi cane, nabajije umudandaji Lily uko vyagenze. "Vyari sawa, twahora ducuruza kubanye Buraya na Amerika ariko ubu nk'ijana kw'ijana vy'abakiriya banje bava muri Afrika.

Lily yanyeretse urutonde rw'ibihugu abaza kumushorera bavamwo - mu bihugu 39, 37 ni abo muri Afrika, bigasigura igituma uwo muji utuwe n'abanye Afrika benshi.