Malala yatsindiye agashimwe Nobel k'amahoro

Kailash Satyarthi na Malala Yousafzai basangiye agashimwe k'amahoro Nobel kubera kwitangira abana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Reuters
Image caption Kailash Satyarthi na Malala Yousafzai basangiye agashimwe k'amahoro Nobel kubera kwitangira abana

Agashimwe kitiriwe Nobel k'amahoro k'uno mwaka kahawe abantu babiri baharanira agateka k'abana.

Ni Malala Yousafzai, umukobwa w'umunyeshure wo muri Pakistani yarashwe n'Abatalibani kubera igikorwa ciwe co guharanira inyigisho ku bakobwa.

Uwundi ni Umuhindi Kailash Satyarthi, arwanya ikoreshwa ry'abana bakiri bato.

Umugwi utanga agashimwe Nobel wavuze ko umwigeme Yousafzai yatanze akarorero mu bihe bitari vyoroshe na gato, mu gihe bwana Satyarthi yageze ikirenge muca Ghandi anahangana n'akarengane gakorerwa abana.

Bwana Satyarthi yabariye BBC ko agashimwe kiwe ari iteka ku Bahindi hamwe n'abana bose baba mu buretwa.