Abakekwa amarozi indwi baturiwe muri Tanzania

Abashika igihumbi muri Tanzania bicwa buri mwaka bakekwa kuba abarozi Uwufise ububasha kw’isanamu CFL
Image caption Abashika igihumbi muri Tanzania bicwa buri mwaka bakekwa kuba abarozi

Igipolisi muri Tanzani kivuga ko abantu indwi bakekwa amarozi, baturiwe ari bazima mu ntara ya Kigoma iri mu burengero bw'igihugu.

Umukuru w'igipolisi muri iyo ntara, Jafari Mohamed, yavuze ko batewe n'abanyagihugu, abarenga mirongo ibiri muri abo banyagihugu bakaba bafashwe.

Bamwe mu bishwe batemaguwe n'imipanga, inzu zabo zica zifatishwa umuriro zirasha zose.

Umugwi wo muri Tanzania ujejwe agateka ka zina muntu uvuga ko muri ico gihugu abantu bashika ku gihumbi bicwa buri mwaka bagirizwa amarozi.

Benshi muri abo bicwa baba ari abatama n'abatamakazi.