Ingwati za Boko Haram 27 zarekuwe muri Cameroon

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Cameroon yarakomeje umutekano ku rubibe bihana na Nigeria

Abo bashinwa bari batwawe mu kwezi kwa gatanu, mu gitero cabaye kw'ishirahamwe ryabo hafi y'urubibe na Nigeria.

Mu bandi barekuwe harimwo umugore w'umushikiranganji wa mbere wa mbere wa Cameroon, yafashwe mu kwezi kw'indwi.

Ntibizwi niba hari ngwati yoba yarishwe.

Boko Haram iheruka kwagura ikirer igabamwo ibitero, kuva muri Nigeria kugera mu buraruko bwa Cameroon.