Kurwanya Ebola aho iri ngo niko kuyikumira

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Barimenyereza bitegura uko bofasha umurwayi wa Ebola

Umuhinga mu buvuzi w'umujanama wa leta y'Ubwongereza, yavuze ko imigambi yo gusuzuma ibimenyetso vya Ebola abinjira mu gihugu, ari ikimenyetso gusa ca politike, co kwerekana ko hari ico bariko barakora.

Avuga ko bigoye kwemeza ko izo ngingo hari ico zishobora kumara ku bijanye no kubungabunga amagara y'abanyagihugu.

Ishirahamwe ryitaho abana "Save the Children" rivuga ko kurwaniriza Ebola muri Afrika y'uburengero, ariyo nzira nziza yo kuyibuza gukwiragira mu bindi bihugu.

Icegera c'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU -Magdy Martinez Soliman- yavuze ko hakenewe abakozi ibihumbi n'ibihumbi boja gufasha mu buvuzi, mu maguru masha.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zari zamenyesheje kare ko abantu bashitse New York baturutse mu bihugu vyafashwe na Ebola bazosuzumwa ibimenyetso vya Ebola.

Mu Bwongereza naho imirwi ijejwe gutabara vyihuta iriko irimenyereza mu gihugu cose.