Ku kibuga ca New York batanguye gupima Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Gusuzuma ingenzi kurimwo gufata ibipimo vy'ubushuhe

Abantu bose bashikiye iNew York baturutse mu bihugu vyasinzikajwe na Ebola -Guinee, Liberia na Sierra Leone- bazofatwa ibipimo vy'ubushuhe.

Izo ngingo zigiye gushigwa no ku bindi bibuga vy'indege mu ndwi iza, n'ubwo abahinga banegura ko ubu buryo bwo gusuzuma ingenzi ata kintu kinini buzofasha.

Muri Espagne, abandi bantu batatu bashizwe aho bakurikiranwirwa hafi, inyuma yo kubonana n'umuforomakazi amaze gufatwa na Ebola.

Igihugu ca Maroc camenyesheje ko gishaka kwigizayo amahiganwa y'igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru, kuber'impungenge z'uwo mugera.

Abantu 4000 baramaze guhitanwa na Ebola, ishirahamwe mpuzamakungu rikavuga ko kumbure isi ikwiye kumenya ko ishobora kubana n'uwo mugera igihe cose, kiretse buri gihugu gihagurutse kuyirwanya.