Abarwanyi ba IS bahakwa kwifatira Anbar

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Mu ntara ya Anbar , muri Iraq

Mu ndwi zitatu ziheze, abo barwanyi bafashe ibigo bibiri vya gisirikare, ubu naho intambara zibera hafi ya Ramadi, umurwa mukuru w'iyo ntara.

Ibitero vyo mu kirere vy'urunani ruyobowe na Leta zunze Ubumwe za Amerika vyahagaritse igitero cari gitumbereye urugomero rwa Haditha, ariko ntivyatsimbuye abo barwanyi.

Hamwe Anbar yorwa mu maboko y'abarwanyi ba IS, nibo bosigara bagenzura akarere kuva ku rubibe hagati ya Syria na Turkiya, kugeza hafi ya Baghdad.