Umuji wa Kobane usugerejwe n'intambara

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abarwanyi ba IS bateye Kobane baturutse impande zose

Umwe mu bategetsi bo hejuru b'aba Kurdes mu muji wa Kobane, uri ku rubibe rwa Syria na Turkiya, yabwiye BBC ko abarwanyi ba Islamic State bagerageje gutera icambu kijabuka muri Turkiya ariko bakananirwa.

Bwana Khalid Berkel yavuze ko abarwanyi ba IS bateye baturutse ku mpande zitandukanye, bashaka kunzingirikira uwo muji, ariko kugez'ubu ngo aho bashoboye gutera intambwe ni mu buseruko gusa.

Abarwanyi b'aba Kurdes n'abo umurwi "Free Syrian Army", bavuga ko bakeneye ibirwanihso vyihutirwa, n'inkoho zokomakomeye.

Abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi bazingirikiwe mu muji wa Kobane, ishirahamwe mpuzamakungu rikagabisha ko abantu bashobora kuhahonera hamwe uwo muji worwa mu minwe ya IS.