Umuntu yafatiwe na Ebola muri Texas

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwavuye umunya Liberia Ebola muri Texas, nawe yafashwe

Muganga Dan Varga, wo mu bitaro vyo muri Texas, yavuze ko afise umwitwarariko mwinshi kubera uwo mukozi wo kwamuganga yagaragaye ko afise umugera wa Ebola kandi yari afise imyambaro yo kwikingira.

Uwo mukozi kandi ngo yakurikije amategeko yose ngenderwako yo kwirinda kwandura.

Inzu y'uwo mukozi yaciye iharirwa ivomo.

Thomas Duncan yapfuye ku munsi wa gatatu, akaba yari we wa mbere asuzumwe uwo mugera ari ku butaka bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Uwo mukozi wo mu bitaro vya Dallas abaye uwa kabiri afatiwe na Ebola hanze y'akarere k'uburengero bwa Afrika.

Umuforomakazi wo muri Espagne nawe yafashije kuvura abantu babiri bihebey'Imana bari bafatiwe muri Afrika, we ubu ariko atora mitende.

Ikiza ca Ebola kimaze gutwara abantu barenga 4000 mu burengero bwa Afrika na cane cane mu bihugu vya Sierra Leone, Liberia na Guinee.