Umutego wahitanye umupolisi mukuru muri Iraq

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Anbar yashizwemwo amategeko y'umukwabu

Abategetsi baho bavuga ko general de brigade Ahmed al-Dulaimi, yari mu rukurikirane rw'imodokari zariko zerekeza mu buraruko bw'iyo ntara igihe ico gisasu caturika.

Haciye hashingwa umukwabu mu muji.

Abategetsi bavuga ko bagiye gushiraho urwego rugizwe n'abanyagihugu bagera ku 2500 b'abakorerabushake, bakigishwa mu gihe c'amezi abiri, kugira bafashe kurwanya umurwi IS.

Mu muji wa Qara Tapah ugenzurwa n'aba Kurdes, mu buseruko bushira uburariko bwa Baghdad, imodokari zitatu zaturikijwe, zahitanye abantu batari munsi ya 20, abenshi bakaba bariko biyandikisha kuja kurwanya IS.