Igisasu cahitanye abantu 8 muri Somalia

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Al Shabaab yakuwe muri Mogadishiu 2011, ariko ikomeza kuhatera

Imodokari yaturikirijwe ku nzu yo kwivuniramwo umusase, Oromo Cafe, ikunze kugenderwa n'abanyepolitike ndetse n'abandi banyagihugu basanzwe.

Oromo Cafe, iri nko mu metero 500 uvuye ku ngoro y'inama nshingamateka.

Umunyamakuru wa BBC ari Mogadishiu avuga ko abandi bantu icumi bakomeretse muri ico gitero.

Abajejwe umutekano bamenyesheje ko bikeka ko umurwi Al Shabaab woba uri inyuma y'iki gitero.

Al Shabaab wakuwe muri Mogadishiu kuva mu 2011, ariko wakomeje kugaba ibitero vyinshi kuva ico gihe.

Al shabaab kandi n'ubu warahize kuzobandanya ibitero, inyuma y'aho mu ndwi iheze, utakarije Barawe, ahari icicaro cawo gikuru ku nkengera z'ibahari Indiyano.