ADF yasubiye kwica muri Kongo

Abasirikare ba Kongo baja ku rugamba muri Kivu ya ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisirikare ca Kongo kimaze igihe kirwanya ADF ariko iracashobora kugaba ibitero

Amakuru ava muri republika iharanira demokrasi ya Kongo avuga ko umugwi w'abarwanyi bo muri Uganda, ADF, wagavye ikindi gitero mu buseruko bwa Kongo.

Allied Democratic Forces canke ADF, yahitanye abantu barenga mirongo ibiri muri ico gitero.

Umugwi wo muri ako karere uharanira agateka ka zina muntu uvuga ko abo barwanyi ba ADF aribo bagavye ico gitero mu kigwati kiri mu ntara ya Kivu ya ruguru.

Kuwa kane, abantu mirongo ibiri na batandatu barishwe mu muji wa Beni uri mu buseruko, hafi y'urubibe n'igihugu ca Uganda.

Benshi mu bishwe bari abanyagihugu basanzwe harimwo n'abana.