Umugwi mushasha wo kurwanya ebola muri Sierra Leone

Umukuru w'iguhugu Ernest Bai Koroma avuga ko igikorwa co guhangana na ebola gihambaye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'iguhugu Ernest Bai Koroma avuga ko igikorwa co guhangana na ebola gihambaye

Umukuru w'igihugu wa Sierra Leone, Ernest Bai Koroma, yashizeko umugwi mushasha ujejwe guhangana n'ikiza ca ebola.

Ebola imaze guhitana abantu igihumbi n'amajana abiri muri ico gihugu.

Uwo mugwi mushasha ntuzorongorwa n'umushikiranganji ajejwe amagara, ahubwo uzoyoborwa n'umukuri w'igihugu Koroma ubwe.

Umugwi mushasha National Ebola Response Centre uzoba ukuriwe n'uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, Major Alfred Palo Conteh.

Urwandiko rwasohowe n'umukuru w'igihug ruvuga ko ukwo guhindura kwari gukenewe kubera igikorwa co guhangana n'ikiza ca ebola muri Sierra Leone gihambaye cane.

Hagati aho umukuru w'iguhugu wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yagabishije ko bidakwiye gukavya mu nyifato kubera ikiza ca ebola.

Yongoyeko yuko Amerika itazozibira ingenzi zo mu burengero bwa Afrika, ahageramiwe cane na ebola.

Bwana Obama yavuze ko babujijwe gutembera vyotuma ahubwo ikibazo cunyuka.

Ibi abimenyesheje mu gihe ibitangazamakuru bivuga ko bwana Obama atanezerejwe n'ukuntu leta yiwe yafashe ikibazo ca ebola.