Imirwano irakomeye muri Yemen

Imirwano i Sanaa, no hafi yaho irakomeye
Image caption Imirwano i Sanaa, no hafi yaho irakomeye

Imirwaba ibandanya gukara muri Yemen hagati y'umugwi w'Abashia uzwi kw'izina rya Houthis, hamwe n'imigwi y'Abasuni.

Amakuru avuga ko abarwanyi bashika cumi na batandatu baguye mu mirwano iheruka mu ntara ya Ibb iri mu bumanuko bw'umurwa mukuru Sanaa, wafashwe n'aba Houthis mu kwezi guheze.

Kuwa gatanu abarwanyi bashika cumi na batanu barishwe muri iyo ntara, ituwe n'Abasuni benshi.

Iyi mirwano iteje umwitwarariko w'uko umutekano wari usanzwe udashemeye muri Yemen, ushobora kugabanuka cane hakaduka intambara y'amadini yeruye.