Liberia iratabaza ibihugu vyose mu kurwanya ebola

Ellen Johnson Sirleaf avuga ko ebola idatinya imipaka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ellen Johnson Sirleaf avuga ko ebola idatinya imipaka

Umukuru w'igihugu wa Liberia, Ellen Johnson Sirleaf, yatabaje ibihugu vyose ngo bifashe kurwanya ebola mu burengero bwa Afrika.

Mw'ikete yacishije kuri BBC, yavuze ko isi yose irabwa n'iki kibazo, kuko iyo ndwara itubaha imbibe.

Umukuru w'iguhugu Johnson Sirleaf avuga ko ebola yashoboye guhagarika ubuzima bwa Liberia, mu kwica abantu barenga ibihumbi bibiri mu mezi atandatu.

Yagabishije kandi ko urunganwe ry'abanye Afrika bakiri bato bashobora guhombera mu kibazo c'ubutunzi gikomeye kubera umwimba utariho, amasoko akaba yugaye co kimwe n'imbibe.