Korea zombi zakozanijeko

Urubibe hagati ya Korea zombi rwamako uruhagarara Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urubibe hagati ya Korea zombi rwamako uruhagarara

Habaye ukurasana kw'umwanya muto ku rubibe hagati ya Korea y'epfo n'iyaruguru.

Korea y'epfo ivuga ko ivyo vyabaye igihe umugwi w'abasirikare b'uburaruko bagaragaye bariko baregereza igice kigabura ibihugu vyombi.

Ubumanuko bwaciye burasa mu buryo bwo kugabisha, uwo mugwi nawo uca urasubiza.

Ubu bivugwa ko vyaheze kandi ngo ntabahakomerekeye canke ngo bahasige ubuzima.

Ariko abanyagihugu baba hafi y'urubibe ku ruhande rw'ubumanuko bimuwe, kandi umunyamakuru wa BBC muri Korea avuga ko ibi vyabaye arivyo bikaze bibaye ku rubibe mu minsi ya vuba.