Abarwanya n'abashigikiye Kagame, mu myiyerekano

Image caption Imyiyerekano y'abari baje gushigikira perezida kagame

Uruhande rumwe rwavuga ko rwazanywe no gushigikira perezida Paul Kagame mu bikorwa vyiza kandi vy'ingirakamaro akorera Urwanda, no mu nama yari yajemwo ubwayo.

Intumbero y'abari baje kumushigikira ngo n'ukwerekana ko bamufitiye icizere, icizere.

Bategekanya kuhaguma kugeza iyo nama y' iminsi ibiri irangiye.

Ariko si bose bari baje kumushigikira

Bamwe ngo bari baje gutangariza abanyamahanga ko perezida Kagame ari umu perezida "afovya demokarasi", nk' uko bivurwa n' umwe mu bari baje kumwiyamiriza, Rene Claudel Mugenzi.

Image caption Imyiyerekano y'abiyamiriza perezida Kagame

Uwo murwi warimwo abanyarwanda, ndetse n'abanye Congo, bavuga ko bari baje kwereka amahanga na Perezida Kagame ubwiwe, ko badashigikiye ivyo atangariza amahanga kuko ngo atari vyo.

Ku bwabo ngo mu Rwanda, nta mahoro nyayo ahari, aho bavuga ko amahoro avugwa mu Rwanda atubakiye kuri demokarasi, no ku burenganzira bw'ikiremwa muntu.

Ku kibazo c'uko hari vyinshi vyiza abaje gushigikira umukuru w'Urwanda bamuvugako, bo bavuga ko atari vyo, ngo ababivuga n'abo perezida Kagame yizaniye.

Bavuga ko bo bizanye ku giti cabo, bafise intumbero yo kuvugira abanyarwanda bari mu gihugu batagira ikibavugira.

Muri iyo nama, perezida Kagame yatumiwemwo, yari kumwe n'abandi bakuru b'ibihugu by'u Rwanda, Uganda, Tanzania na Ghana.