Afurika yepfo ntizakira imikino y'igikombe cya Afurika

Indwara ya Ebola imaze guhitana abantu barenga 4500. Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Indwara ya Ebola imaze guhitana abantu barenga 4500.

Ministiri ushinzwe imikino muri Afurika yepfo - Fikile Mbalula - yavuze ko igihugu cye kidashobora gusimbura Maroc mu kwakira imikino ya nyuma y'igikombe cya Afurika cy'ibihugu iteganijwe mu kwezi kwa mbere k'umwaka utaha.

Yagize ati: "ingengo y'imali yacu uko imeze ubungubu ntabwo yatuma tubikora, ntibishoboka."

Impuzahamashyirahamwe y'umupira w'amaguru muri Afurika - CAF - yari yasabye Afurika yepfo niba yeteguye kwakira iyo mikino igihugu cya Maroc kiramutse kitayakiriye nkuko biteganijwe.

Maroc yasabye CAF guhindura amatariki iyo mikino igomba kuberaho kubera gutinya ko Ebola yinjira ku butaka bwayo.

Afurika yepfo ni kimwe mu bihugu birindwi CAF yasabye kuba byasimbura Maroc itishimiye kwakira iyo mikino hagati y'itariki ya 17 z'ukwa mbere 2015 kugeza ku ya 8 z'ukwa kabiri.

Indwara ya Ebola imaze guhitana abantu barenga 4500 biganje cyane cyane muri Afurika y'uburengerazuba.