OMS irihweza aho kurwanya Ebola bigeze

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abiteguye kwakira umurwayi wa Ebola, mu myambaro yo kwikingira.

OMS yaraneguwe kubona yaratevye gutabara igihe ico kiza ca Ebola n'ubu kigikomeza kuyogoza mu bihugu vya Sierra Leone, Liberia na Guinee, catera.

Inama y'uno munsi ija kwihweza ico ingingo zo gusuzuma ingenzi ku mbibe z'ibihugu zishobora gufasha, hamwe no kuraba niba hoshirwaho ingingo zijanye no kugabanya uruja n'uruza.

Hagat'aho ingingo zikiri mw'igeragezwa kuri iyo ngwara ya Ebola, zitezwe gushika mu bu Suisse uno munsi, n'ubwo ata rucanco rwasuzumwe rwitezwe kuboneka muri aya mezi ari imbere, canke mbere imyaka.