Rwanda: Inama nshingamateka yize ikibazo ca BBC

Image caption Bimwe mu vyapa abari mu myiyerekano basize kuri BBC

Inteko zakoranye inyuma y'ikiganiro BBC yahitishije cerekeye ivyabaye muri jenoside muri ico gihugu.

Mu kiganiro ca BBC 2 "This world" muri uku kwezi, BBC yahitishije ikiganiro yise "Rwanda, the Untold Story", cahinyuza ibivurwa ko vyabaye mu gihe ca jenoside mu Rwanda.

Uyu munsi abantu baharurwa mw'ijana na mirongo itanu bagize imyiyerekano imbere y'ibiro vya BBC mu muji wa Kigali.

Bahasize ikete bandikiye umuyobozi mukuru wa BBC, Tony Hall, bamubwira ko ico kiganiro cari gifise intumbero yo gusivya kahise k'Urwanda.

Ngo gisibanganya kandi ivyabaye muri jenoside, ndetse kikambura agateka abapfuye bahitanywe n'iyo genoside.