BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda

Image caption BBC Gahuzamiryango

RURA ivuga ko abanyagihugu bayitwayeko kubera ikiganiro "Rwanda's Untold Story".

Ico kiganiro caciye kuri imwe muri televisiyo za BBC mu Bwongereza, mu ntango z'uku kwezi. BBC irahakana ko ata gice na kimwe c'ico kiganiro '' gihakana genocide yakorewe Abatutsi''.

Ku wa gatatu inama nshingamategeko mu Rwanda yemeje ingingo isaba leta guhagarika ibiganiro vya BBC no kwagiriza abakoze ico kiganiro guhakana genocide , ikintu gisanzwe ari icaha mu Rwanda.

Ico kiganiro ca BBC, Rwanda's Untold Story kirimwo abashakashatsi bo muri Amerika bavuga ko benshi mu bapfuye bashobora kuba ari Abahutu.

Ico kiganiro kirimwo kandi abantu bahoze bakorana hafi na Prezida Paul Kagame bemeza ko ariwe yategetse iraswa ry'indege ya Prezida Juvenal Habryarimana mu 1994, ikintu gifatwa nk'icabaye imbarutso ya jenoside. Ivyo Paul Kagame akaba abihakana.

Ariko RURA ivuga ko yaronse ibirego biturutse mu banyagihugu, binegura ico kiganiro ko gikongereza urwanko, gipfovya ihonyabwoko ndetse kikanarihakana.

Muri urwo rwandiko, RURA ivuga ko yahagaritse BBC Gahuzamiryango, mu gihe igikora iperereza kuri ivyo birego

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hari ivyibutso vyinshi mu Rwanda vy'abahitanywe na jenocide yo mu 1994

Hagati aho, urwego rugenzura itangazamakuru mu Rwanda, HMC, ruvuga ko bidakwiye guhagarika BBC gutangariza mu Rwanda.

Ivyo ngo bishobora kuba intango y'uko buri gitangazamakuru gikoze ibigaragara nko kurenga umurongo gica gihagarikwa, ngo kandi hari izindi ntambwe zishobora gufatwa.

Inyuma y'inzego zihurikiyemwo abanyeshure zagize imyiyerekano kuwa gatatu, ku wa gatanu naho iyo myiyerekano yakozwe n'urunani rw'amashirahamwe y'abagore.

Leta y'Urwanda izokorana ku ndwi iza kugira yige ivyasabwe n'inama nshingamategeko.

BBC Gahuzamiruango yatanguye ari ikiganiro co guhuza imiryango yari yaratandukanye kubera intambara.