Ebola:abafashwe barenze 10.000 ku bwa OMS

ebola liberia
Image caption Liberia nico gihugu gisinzikajwe na Ebola kurusha ibindi

Abamaze gufatwa n’indwara ya Ebola barenze ibihumbi 10, abamaze gupfa ni 4.922. Ivyo biri mu cegeranyo gishasha ca OMS.

Abantu 27 bonyene nibo bapfuye hanze y’ibihugu bitatu bisinzikaye cane arivyo Sierra Leone, Liberia na Guinee.

Abapfuye bose n’abo muri ivyo bihugu kiretse 10 gusa.

Mali nico gihugu ca vuba cabuze umuntu, umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri yapfuye ku wa gatanu.

Ariko umukuru wa Mali Ibrahim Bubacar Keita yavuze ko atazokwugara urubibe igihugu ciwe gihana na Guinee kubera urwo rupfu rwa mbere ruturutse kuri Ebola.

Uwo mwana yapfuye yari avuye muri Guinee. Ariko igihugu ca Mauritania co cugaye urubibe rwaco na Mali kbera gutinya ikwiragira ry'uwo mugera.

Umukuru wa Mali yavuze ko ariko arakora ibishoboka vyose kugira abuze iyo ndwara gukwiragira mu gihugu.

Abantu bashika 40 bizwi ko bakoze kuri uwo mwana ubu bashizwe ukwa bonyene.

Ico cegeranyo gishasha ca OMS cerekana ko Liberia kibandanya kuba arico gihugu gisinzikaye kurusha ibindi. Kimaze kubura abantu 2.705 . Sierra Leone kigira kabiri n’abamaze gupfa 1281 muri Guinee n’aho bakaba ari 926.

Nigeria cabuze abantu 8 , muri Mali hakaba hapfuye umnwe n'uwundi yaguye muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

OMS ivuga ko ub u abarwaye bagera ku 10.141 ariko ngo bashobora kuba barenga abo kuko imiryango mmyishi igumiza abayo barwaye i muhira hakubajana kwa muganga. Ivuga ko ibibanza vyo kwakira abarwayi vyarengewe.