Steekamp:nyina ati Pistorius yari azi ko agira yice

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubugenzi bwa Reeva Steenkamp na Pistorius bwari hafi guhera, bivugwa na nyina wiwe

Yabaye amahirwe mabi kugira Reeva Steenkamp ahure na Oscar Pitorius , nk'uko nyina abivuga, kuko ''uwo munonotsi ''yari kwica umuntu umunsi uri izina''

Avugana n'ikinyamakuru The Times, June Steenkamp avuga ko Pitorius '' ateye imbabazi, ari mahindagu, akunda gukinisha inkoho kandi akunda uwo yifatira''.

Yanse zaba imbabazi ziwe haba n'ingene avuga ko ibintu vyagenze ariko akemera ko ''ari we wenyene azi ukuri''.

Pistorius yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 5 kubera kwica umugenzi wiwe w'umukobwa Reeva atabishaka. Ariko ashobora kuzosohoka ibohero inyuma y'amezi icumi.

Uwo munonotsi wo muri Africa y'Epfo acitse amaguru yompi yarezwe ku caha co kugandagura.

June Steenkamp yabwiye ikinyamakuru The Times kiriko kiramenyekanisha igitabo ciwe, Reva:A Mother's Story (Inkuru y'Umuvyeyi) kizosohoka itariki 6 z'ukwa 11 ko Reeva yari yamubwiye ko batari bwagiranire imibonano mpuzabitsina na Pistorius kandi ko yari afise amakenga ko bashobora kwumvikana.

Pistorius yishe umugenzi wiwe Reeva Steenkamp mu kwa kwezi kwa kabiri mu 2013 mu kurasa mu cumba ca surwumwe mw'ijoro, akavuga ko yari yiketse ko ari umusuma yamwinjiranye.