Ubwongereza:kurwana vyarangiye muri Afghanistan

Uwufise ububasha kw’isanamu MOD
Image caption Ingabo z'Ubwongereza zari zashitse muri Afghanistan mu 2001

Ikambi ya nyuma y'Ubwongereza muri Afghanistan yashikirijwe ingabo za Afghanistan, gutyo haba harangiye ibikorwa vyo kurwana vy'ingabo z'avongereza muri ico gihugu.

Ibendera ry'Ubwongereza ryamamuwe kw'ikambi ya Camp Bastion m u gihe n'ikambi ya Camp Leatherneck y'abanyemerika vyari vyegeranye nayo nyene yashizwe mu minwe y'abanye Afghanistan.

Ministre ajejwe kwivuna abansi Michael Fallon yavuze ko hari amakosa yabaye ariko ko hari vyinshi vyashitsweko kuva ingabo z'abongereza zishitse mu 2001.

Abasirikare bw'ubwongereza baguye muri iyo ntambara gushika ubu ni 453.

Camp Bastion mu ntara ya Helmand niyo yari ikambi nkuru ya mbere nini y'abongereza muri Afghanistan kuva mu 2006.

Ikambi ya nyuma y'aba Marines b'abanyamerika nayo nyene yashikirijwe ingabo za Afghanistan, gutyo n'abnyamarika bakaba barangije ibikorwa vyo kurwana muri ico gihugu.

Abasirikare b'abanyamerika baguye muri Afghanistan ni 2.349.