Kapiteni w'umugwi wa Africa y'Epfo yishwe arashwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Senzo Meyiwa yakinira Orlando Pirates

Igipolisi ca Africa y'Epfo kiriko kirahiga abishe kapiteni w'umugwi wa Africa y'Epfo mu mupira w'amaguru Senzo Meyina yishwe n'abikekwa kuba ari abasuma.

Igipolisi catangaje ko uwuzotanga inkuru y'ingene abo bicanyi bofatwa azoronka agashimwe k'ibihumbi 23 vy'ama dollars, ico gitero kikaba cagaragaje ingene ubugizi bwa nabi muri ico gihugu buri ku rugero runni.

Prezida Jacob Zuma yavuze ko ata majambo yoronka yo kuvuga ingene igihugu kibabaye.

Senzo Meyiwa yishwe nyuma yo kuraswa n'abasuma nk'uko igipolisi kibitangaza.

Bivugwa ko yatewe nyuma y'aho abagabo binjiriye mu nzu y'umukobwa bakundana ahitwa Vosloorus mu bumanuko bwa Johannesburg.

Uwatunganya imirimo yiwe yavuze ko yari umuntu yicisha bugufi yavuye kure gushika aho ahinduka akaba 'intwari mu maso y'abantu bose''

Uwo mukinyi yari afise imyaka 27 yari umunzamu w'umugwi Orlando Pirates akaba yarakiniye Africa y'Epfo mu nkino zine za nyuma zo gukuranamwo mu gikombr ca Africa.Ku wa gatandatu yariko arakinira umugwi wiwe aho washoboye gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw'ihiganwa rya South Africa League Cup mu gutsinda Ajax cape Town 4-1.

Igipolisi kivuga ko abagabo babiri binjiye mu nzu igihe c'isaha zibiri z'ijoro baka telephone ngendanwa n'ibindi bintu vy'agaciro. Umugabo nagira gatatu yagumye hanze.

Bose uko ari batatu baciye bahunga ku maguru amasasu ahejeje kwumvikana.

Ighipolisi cavuze ko umwe muri bo babiri ari muremure, yirabura kandi muto muto akagira ubusage .Uwunfi ngo ni mugufi , nawe yirabura ariko avyibushe.

Uwo mukinyi ashobora kuba yariko aragerageza gutabara umugenzi wiwe Kelly Khumalo, umuririmvyi wo muri Africa y'Epfo igihe yaraswa nk'uko inkuru zibivuga.