Nigeria yemeza ko ibiganiro na Boko Haram bikomeza

abasaba ko abana babo bogaruka Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu benshi muri Nigeria ntibizigiye ibivugwa na leta ko iriko irumvikana na Boko Haram guhagarika intambara

Leta ya Nigeria yemeza ko ibiganiro bikabandanya n'umuhari Boko Haram, indwi zibiri inyuma y'aho leta ivugiye ku bumvikanye guhagarika intambara.

Umuvugizi mu biro vy'umukuru w'igihugu yavuze ko yizeye ko hari ikinti gifadika kizova muri ivyo biganiro.

Boko Haram nta ka jambo irabivugako, nabwo ubugizi bwa nabi mu buraruko bwa Nigeria bukaba bubadandanya.

Abana b'abanyenyeshure b'abakobwa barenga amajana abiri baracari mu minwe y'uwo mugwi weteye umugumuko kuva mu 2009.

Igisirikare cavuze ko cari kirindiriye ko barekurwa ku wa gatanu ariko gushika ubu babiri bonyene nibo barekuwe, kandi n'uburyo barekuwemwo bukaba budasobanutse.

Abantu nibura 2000 baramaze kwicwa ma Boko haram muri uwu mwaka.