Amerika ihanura kudakumira abavuzi ba Ebola

Image caption Ihema Kaci Hickox yashizwemwo ukwa wenyene nta bwogero ryari rifise

Abakozi bo mu buvuzi b'Abanyamerika bataha bavuye kuvura abarwaye Ebola muri Africa y'Uburengero bazokurikiranirirwa hafi ariko ntibazoshirwa ukwa bonyene hisunzwe amategeko mashasha ku bijanye n'amagara aho muri Amerika.

Iyo ntumbero y'igihugu yatanzwe inyuma y'aho umuforoma Kaci Hickox ashiriwe ukwiwe mw'ihema muri New Jersey, ingingo yiyamirijwe n'umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon.

Hagati aho Australia yaneguwe cane kubera ingingo yafashe yo kwimama visa, uruhusha rwo kwinjira muri nAustralia, abava muri Africa y'uburengero.

Ico kiza ca Ebola mu burengero bwa Africa kimaze gufata abantu barenga 10.000, kikaba kimaze kwica abagera hafi ku bihumbi 5.

Abantu ntibandukiza gushika batanguye kugaragaza ibimenyetso vy'uko barwaye indwara ya Ebola hanyuma umuvugizi w'umunyabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon akavuga ko abatashe bavuye kuvura ari abantu badasanzwe bihebera abandi.

''Ntibakwiye kugira ico bankirwa kidashingiye ku bumenyi''.

Ingingo zo gushira ukwa bonyene abakekwa kuba barandukiwe n'indwara ya Ebola zifatwa n'intara imwe imwe ukwayo yo muri Amerika, intumbero nshasha y'ibigo bivungera indwara mu gihugu cose ikaba yaciye yiyamirizwa n'umukuru w'intara ya New Jersey.

Iyo ntara n'imwe muri zitatu zashinze ko umuntu wese avuye kuvura abarwayi ba Ebola amara iminsi 21 ari ukwa wenyene.