Ban Ki Moon yavugiye abarwanya Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon avuga ko gukumira abavuye kuvura Ebola atawovyemera

Umunyabanga mukuru yavuze ko gukumira abakozi bagarutse iwabo bavuye kuvura Ebola muri Africa y'uburengero bidashobora kwemerwa.

Amategeko yo gushira ukwabo abo bantu arabangamira utwigoro two gufasha mu gihe abandi bakozi benshi bo mu buvuzi bakenwe kugira bahangane n'ico kibazo, Ban Ki Moon yabibwiye BBC i Nairobi.

Gushika ubu imfashanyo mpuzamakungu mu kurwanya Ebola ntizirakwirwa ariko ngo vyariko biraza.

Bwana Ban yabwiye umunyamakuru wa BBC Denis Okari ko ishami rya ONU ryitaho amagara kw'isi n'abashakashatsi irya n'ino kw'isi bariko baragerageza gutora urucanco.

Intumbero ya ONU n'uguhagarika uwo mugera , gutora umuti hamwe n'uguhagarika ikwiragira rya Ebola