Kongo ngo ntiyananiwe kurwanya ADF

Abasirikare ba Kongo barwanije ADF kuva mu mpera z'umwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Kongo barwanije ADF kuva mu mpera z'umwaka uheze

Leta ya republika iharanira demokrasi ya Kongo ivuga ko itananiwe kurwanya umugwi w'abarwanyi bo muri Uganda, ADF, uri mu buseruko bwa Kongo.

Buramatari w'intara ya Kivu ya ruguru, Julien Paluku, yabariye BBC ko igituma ADF yasubiye kuvyura agatwe ari ukubera yahinduye uburyo ikora.

Ngo uwo mugwi usigaye ukora nk'umugwi w'iterabwoba, ngo kandi uburyo barwanya imigwi nk'iyo buratandukanye n'iyindi yitwaje ibirwanisho.

Abantu bivugwa ko ari abo muri ADF, kuva mu kwezi guheze baza baragaba ibitero mu muji wa Beni uri mu buseruko bwa Kongo, bakica abantu batari bake.

Igisirikare ca Kongo gifatanije n'ingabo za ONU zihagarariye amahoro muri Kongo, baragavye ibitero kuri ADF kuva mu kwezi mu mpera z'umwaka uheze.

Vyari bizwi ko ADF yagabanijwe intege, ariko bigaragara nk'uko yasubiye kuvyura agatwe.

Buramatari Paluku kandi yemeje ko hari abanye Kongo bane bafashwe, bemeye ko bakorana na ADF mu kuyironderera amakuru canke kuyitwaza ibikoresho.

Bwana Paluku kandi yongeyeko yuko ikibazo ca ADF cahagurukiwe, ubu Beni ikaba yashizwemwo umukwabu wo kuva isaha cumi na zibiri ku mugoroba.

Abategetsi batandukanye barimwo umushikiranganji wa Kongo w'intwaro yo hagati hamwe n'umukuru w'igihigu, Joseph Kabila, baragendeye Beni mu ndwi iheze ngo bahumurize abahatuye.

Ariko hari amakuru ava mu karere ka Beni nyene, avuga ko igisirikare ca Kongo cadebukiwe ngo akaba ariyo mpamvu ADF isa n'iyidegemvya muri ako karere.

Icoba cateje ukwo kudebukirwa ntikizwi neza, ariko abajejwe intwaro muri Kongo bavuga ko atari uko bimeze.