Impungenge ku mutekano mu Burundi

"Abasuma" babangamiye umutekano mu bice bimwe bimwe
Image caption "Abasuma" babangamiye umutekano mu bice bimwe bimwe

Mu Burundi mu bice bimwe bimwe habandanije kuvugwa abantu bateza umutekano muke, bakora ibikorwa vy'ubusuma mu mazu y'abanyagihugu.

Abo bantu bamaze ukwezi kurenga batanguye kuvugwa mu ntara za Bujumbura, Mwaro na Muramvya ariko gushika ubu ntawuzi neza abo aribo.

Umunyamakuru wa BBC, Cyriaque Muhawenayo, yashitse mu Rusaka muri province Mwaro, hamwe mu havugwa ico kibazo.

Avuga ko yasanze hatekanye, ariko avuganye n'abahatuye bamubwira ko bamaze igihe barara bicaye.

Abo bitwa abasuma ngo bafashwe bavuga ko ari abantu baje gukora ibikorwa bisanzwe vyo kurondera ubuzima, ngo ariko ugasanga muri bo harimwo abambaye umwambaro w'igisirikare.

Abanyagihugu ngo baca bagira ubwoba, kuko abo bitwa abasuma ngo batiba ibintu bisanzwe nk'inka canke ibindi, ngo ahubwo baja mu mazu kurondera ibibatunga.

Hamaze iminsi hari amakuru avuga ko abo bantu boba ari abasore baheruka muri Kongo guhabwa inyigisho za gisirikare.

Ariko abajejwe intwaro mu Burundi, bavuga ko ivyo atarivyo na gato ngo abo bantu ni abasuma basanzwe, ngo kuba hari abambaye umwambaro wa gisirikare naho, ntibitangake ku gihugu camaze imyaka mu ntambara.