Abagore ntibakibujiwe gusiga abakina film mu Buhindi

Abagabo nibo bonyene bari bemerewe gusiga abakinyi ba film mu Buhindi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagabo nibo bonyene bari bemerewe gusiga abakinyi ba film mu Buhindi

Sentare ntahinyuzwa mu Buhindi yakuyeko itegeko ryabuza abagore b'abahinga mu gusiga abantu, gukora mu ruganda rwa film muri ico gihugu.

Ishirahamwe ry'abakozi rikomeye riri ahahingurirwa ama film hazwi kw'izina rya Bollywood, ryari rimaze imyaka mirongo itandatu ryarabujije abagore gukora ako kazi.

Iryo shirahamwe ryagira ivyo rivuga ko abagabo bakeneye ako kazi.

Ariko abacamanza bavuze ko kuvangura abantu hakurikijwe igitsina bihonyora ibwirizwa nshingiro, baca bakurako iryo tegeko.

Abagore bari bemerewe gusokoza abakinyi ba film, ariko uwahirahira akabasiga yaca aterwa ubwoba canke agahohoterwa.

Umwe mu bagore bazanye ico kirego, yigiye muri Amerika ivyo gusiga abantu, "make up" mu Congereza, ariko ntiyigeze ashobora gukora ako kazi mu Buhindi.